INTWARARUMURI MU CANKUZO

INTWARARUMURI MU CANKUZO

Intwararumuri zarishikiye muri zone #Camazi kuri uyu wa gatatu gufasha mu bikorwa vyo kwubaka inzu y’inama y’iyo zone iri muri komine #Gisagara mu ntara ya #CANKUZO.Inyuma y’ivyo bikorwa, buramatari w’iyo ntara Boniface Banyiyezako, yahamagariye abenegihugu guteramira amahoro n’umutekano no kurwanya urudandaza rwo mubinywabi. Nayo ku bibazo musitanteri wa Gisagara yashikirije bijanye n’ubukene bw’amazi n’umuyagankuba, buramatari yahumurije abenegihugu ko vuba bigiye gutorerwa umuti biciye mu mugambi w’Umukuru w’Igihugu wuko gushika mu 2027, imitumba yose izoba ifise amazi meza. Uwurongoye Intwararumuri Epipode Baranyikwa, yaboneyeho kwibutsa indongozi kwitegura no gutunganya imigambi bisunze iyerekwa ry’Umukuru w’Igihugu aho mu 2040 U #Burundi buzoba bwigaba bukigaburira.

Post a Comment