
akamo k’umushikiranganji w’indero nubushakashatsi
0 comments
Umushikiranganji w’Indero n’Ubushakashatsi François Havyarimana atera akamo abavyeyi bo mu ntara ya Rutana gukurikirana indero y’abana babo kugira ntibahebe ishure. Yabivuze kuri uyu wa kabiri igihe yararamutse yifatikanya n’Intwararumuri mu bikorwa ahanini vyaranzwe no kwubaka amashure mu makomine ya Mpinga -Kayove, Musongati na Rutana . Uwo mushikiranganji asanzwe ari n’imvukira y’iyo ntara ati n’iteka igisata c’indero catewe muri iyo ntara.




