
UMUKURU W,IGIHUGU CA somalia
Umukuru w’Igihugu #Evariste_NDAYISHIMIYE ahejeje kwakira mugenzi we wa #Somaliya#Hassan_Sheikh_MOHAMUD.Uwo mushitsi yashimiye umukuru w’Igihugu C’uburundi ku ntererano igihugu cagize mu kurungika abasirikare kugwanya imirwi y’iterabwoba muri Somaliya.Abo bakuru b’Ibihugu bemeranije ko bagiye gukomeza imigenderanire myiza isanzwe iri hagati ya Somaliya n’uburundi mu gushiraho umugwi uhurikiwemwo na bose uzokwiga ivyo guhanahana ibidandazwa,gufashanya muvy’amagara y’abantu,mu gisata ca ba mukerarugendo no kwivuna abansi.Abo bakuru b’Ibihugu barangije ikiyago mu kanyamuneza aho uw’igihugu ca Somaliya yasavye mugenzi we w’uburundi kuzogendera Somaliya , umukuru w’Igihugu Evariste NDAYISHIMIYE akaba yemeye ubwo butumire


