
GITEGA
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu #Angeline_Ndayishimiye yatunganije kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru w’intara ya #Gitega uruganda rw’akarere kagizwe n’intara za Gitega, Mwaro, Muramvya na Karusi mu ntumbero yo gushikiriza ivyavuye mw’ihuriro ridasanzwe ry’abakenyezi ryatunganijwe ku ncuro ya kane kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika ku rya 11 Gitugutu uyu mwaka, kugira abarundi batahure kumwe ibijanye no gutandukanya imvyaro, gufungura neza hamwe no kugabanya irwirirana ry’abantu kugira Uburundi bushikire imbona kazoza ry’uko mu 2040 coba ari igihugu cifashe ,nayo mu 2060 kikaba igihugu giteye imbere.Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye akavuga ko ari ngombwa kubandanya bayaga ibijanye no kuvyara ku rugero kugira imiryango imererwe neza kuko ngo iyo abana badafise amagara meza, umuvyeyi ntaronka akanya ko gukora, ivyo navyo bikabera intambamyi iterambere rirama. Agasaba abitavye urwo ruganda cane cane abakenyezi gutahura neza ibijanye no kuvyara ku rugero, gufungura neza hamwe n’iterambere rirama, agatera akamo abagabo gufata iya mbere mu mugambi wo gutandukanya imvyaro kuko ngo iyo hatabaye gutandukanya imvyaro bigira ingaruka mbi ku mukenyezi





