amavuriro magenzi y’urwaruka

amavuriro magenzi y’urwaruka

Abajejwe amavuriro magenzi y’urwaruka ( centre de santé amis des jeunes) bahamagarirwa kuja barahanura urwaruka kwihangana bareke kubaha imiti yo gutandukanya imvyaro kandi batarabuka kuko uburyo bwo gutandukanya imvyaro bugenewe abubatse gusa. Ako kamo bagatewe kuri uyu wa mbere n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu #Angeline_Ndayishimiye mu ruganda rwo kumenyesha ivyavuye mw’ihuriro ridasanzwe ry’abakenyezi b’imboneza ryatunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 9 gushika ku rya 11 Gitugugutu uyu mwaka ku bakenyezi b’imboneza, abajejwe intwaro n’abajejwe igisata c’indero bo mu karere k’uburengero bw’igihugu.Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye akavuga ko ubwo buryo bwo gudatwara inda bukwegera urwaruka mu busambanyi kandi bubatera ingaruka mbi nyinshi harimwo kwandura umugera wa SIDA, kudatinya Imana hamwe no kutavyara bamaze kuja kwubaka izabo

Post a Comment