Urumuri rw’amahoro muri komine ya Gihogazi

Urumuri rw’amahoro muri komine ya Gihogazi

????????

Urumuri rw’amahoro kuri uyu wa mbere rwazindukiye muri komine ya Gihogazi mu ntara y#Karusi . Rwamurikiye ibikorwa vyo kwubaka inzu y’ubudandaji yegukira komine. Munyuma rwaciye muri komine #Bugenyuzi aho #Intwararumuri bifatikanije n’abenegihugu mu bikorwa vyo gufurira ibinogo mw’ibarabara riri k’umurwa mukuru w’iyo komine. Iyindi komine yagendewe n’urumuri rw’amahoro ni #Gitaramuka aho rwamurikiye ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa y’imanza zitandukanye yegukira komine. Aho urumuri rwaciye , vyaboneka ko abenegihugu bari baje kurusanganira narirya ari ubwa mbere ruca mu makomine yose. Ivyo uwurongoye Intwararumuri Epipode Baranyikwa arabishima, akavuga mbere ko intara 9 bamaze gucamwo basanze abenegihugu bari kukivi kandi ko batahura bagashira mu ngiro akamo Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye abatera ko guhindura ivyiyumviro, guhindura ingene bakora, kugwiza umwanya bakora bakagabanya uwo bamara mu bitagira akamaro, bagakora kugira Uburundi

buzobe ari Igihugu cigaba kikigaburira mu 2040.

Post a Comment