
IGISATA C,IKAWA
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yatunganije umwiherero kuri uyu wa gatanu i #Buye muri komine Mwumba mu ntara ya Ngozi abegwa n’igisata c’ikawa.Intumbero akaba ari ukwihweza ingene ico gisata cifashe mu Gihugu n’ingene coterera bikwiye mu kuduza ubutunzi bw’Igihugu. Abafashe amajambo nka buramatari w’intara ya Ngozi canke Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo uburimyi, bose berekanye ko igiterwa c’ikawa gifise akamaro kanini mu buzima bw’Igihugu n’abenegihugu. Naho biri uko, yamenyesheje ko igiciro c’ikawa kikiri hasi cane ugereranije no mu bindi bihugu bidukikuje, ivyo bigatuma umurimyi atunguka bikwiye. Ikindi bavuze gisububiza inyuma umurimyi w’ikawa ni ibijanye n’umugwazo. Ikindi gihomvya Igihugu mu gisata c’ikawa ni urudandaza rwa magendo rwibonekeza.Mu cegeranyo cashikirijwe n’umugwi washinzwe kugira werekane ingene igisata c’ikawa cifashe, vyabonetse ko #ODECA itazi neza igitigiri c’ikawa Uburundi bufise. Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yategetse ko inspection générale de l’État yotohoza neza agahombo Igihugu cagize bitewe na ODECA gutyo abayijejwe baje imbere y’ubutungane. Ikindi yategetse nuko aba commissionnaires bavaho muri ico gisata mbere n’ibijanye n’umugwazo bigahagarara. Yasavye abo vyega ( ubushikiranganji bw’uburimyi, Intwaro ,ubudandaji n’umutekano) gutorera umuti ibibazo biri mu gisata c’ikawa.Yaremesheje abarimyi b’ikawa ko ni vyagenda neza igiciro c’ikawa kigiye kuduzwa. Yavuze ko urudandaza rw’ikawa rutegerezwa gukorwa mu muco





