IFATWA RY’IKAWA “Makebuko”

IFATWA RY’IKAWA “Makebuko”

Ibiro birenga amajana atatu vy’ikawa idatonoye niyo yaraye ifashwe muri komine #Makebuko mu ntara ya #Gitega n’umugwi Umukuru w’Igihugu yashinze kugira ukurikirane ibijanye n’ikawa. Nkuko bishikirizwa na Bizimana Edouard umwe mu bagize uwo mugwi ngo iyo kawa yafashwe mw’ijoro ikaba yagira idandazwe bitisunze amategeko. Aributsa abenegihugu ko ingendo y’umugwazo ituma batunguka , abarimyi b’ikawa bakahahombera udasize inyuma Igihugu . Atera akamo abajejwe Intwaro, Umutekano n’abenegihugu kurikanura kugira ikawa igirire akamaro uwayirimye hamwe n’Igihugu. Iyo kawe yafashwe ikazodandazwa maze amafaranga ayivuyemwo ace ajanwa mu kigega ca Reta

Post a Comment