
Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye aho urwaruka ruriko rwubaka ikigo kizogwirizwamwo inkwavu.
0 comments
Mu rugendo yagize mu ntara ya #Cibitoke , Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye aho urwaruka ruriko rwubaka ikigo kizogwirizwamwo inkwavu. Ni umugambi ufashwe mu mugongo na #PAEJ . Ico kigo kikaba kiriko kirubakwa ku mutumba wa Muyange muri komine #Mugina . Yagendeye kandi imigambi iriko irarangurwa n’urwaruka muri komine #Rugombo aho hari abariko bahingura utumwanya tutonona ibidukikije ( biodégradable) hakoreshejwe ibihubahuba. Aho hose, Umukuru w’Igihugu yabateye intege, yongera abahanura gukora bisunga imbonakazoza y’Igihugu aho muri 2040 Uburundi buzoba bwigaba bukigaburira, muri 2060 bukaba Igihugu giteye imbere






