RADIO NDERAGAKURA

RADIO NDERAGAKURA

Inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatu ku kirimba c’umukuru w’igihugu i #Gitega irongowe n’umukuru w’Igihugu #Evariste_Ndayishimiye. Ikaba yize integuro z’amategeko 12 n’utuntu n’utundi, muri izo harimwo integuro y’ibwirizwa rijanye no gushira ahabona ibiharuro vy’imfatakibanza vyavuye muri rusasuma y’abanyagihugu, uburaro, uburimyi n’ubworozi yo mu mwaka wa 2024, integuro y’ibwirizwa rijanye no gushira umukono ku masezerano y’ubumwe bwa Afrika ajanye no gukingira abateshejwe izabo ( amasezerano y’i Kampala), umugambi wa Reta wo kurangura imigambi izozanira inyungu igihugu kuva mu mwaka w’2025 gushika mu 2028, integuro y’ibwirizwa rijanye n’amategeko hamwe n’icegeranyo c’amafaranga yakoreshejwe na Reta mu mwaka w’2023-2024, Urwandiko rujanye n’ingene Uburundi burongoye umuryango w’isoko rusangi mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko #COMESA, Urwandiko rujanye n’aho integuro zo kwubaka ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura zigeze n’utuntu n’utundi

Post a Comment